
Mu kwubaka ibitaro, amabarabara, amashure, amasoko, umutekano, umuyagankuba, guhemba abakozi hamwe n'ibindi bikenerwa kugira ngo ubuzima mu gihugu bushoboke bisaba inoti.
Iyo noti Leta ikoresha mur'ivyo bikorwa bitegekanijwe ko iva mu yo yinjiza avuye mu makori n'amatagisi canke ingabire; ariko nk'uko biba mu bihugu vyinshi n'Uburundi burimwo amahera Leta yinjiza yama ari make kuyakenewe mu gukora ivyo bikorwa arico gituma Leta zica zifata amadeni (ideni ryishurwa ku nyungu : ama leta ashobora kurisaba mu bayigurana bo hanze y'igihugu canke imbere mu gihugu).
Gushika mu mwaka wa 2025, Leta y'Uburundi imaze kugira ideni rishika ku Miliyaridi 7000 ariko nk'uko bisanzwe ngo mu mahera Leta ikoresha buri mwaka hama harimwo n'igice co kwishura amadeni yasavye muri kahise.
Kur'uyu wa 24 Ndamukiza, amashirahamwe Initiative Citoyenne pour l'Environnement et le Developpement Durable( ICED Burundi) hamwe na AFRODAD bateguye uruganda ku bamenyeshamakuru mu ntumbero yo kubahimiriza gukora inkuru n'ibiganiro bivuga ku butunzi harimwo n'izivuga ku bijanye n'amadeni mu ntumbero yo kubimenyesha abanyagihugu hamwe n'abafata ingingo.
Kubwayo mashirahamwe, ngo amadeni si mabi kuko atuma ibihugu bishobora kuyakoresha muvyongereza umwimbu mu gihugu ari naco gituma asaba ko ayo madeni akwiye gufatwa abaserukira abanyagihugu babigizemwo uruhara kugira ngo ifaranga ryose rije mur'iyo nzira rikoreshwe mu biduza ubutunzi kuko rikoreshejwe nabi ushobora kuba umutwaro kuri kazoza k'igihugu.
Inkomonko y'inkuru: Heritage TV Burundi
25 Ndamukiza, 2025 | abayisomye 18