Mugukomeza gukoresha urubuga rwacu, wemera gukoresha kuki ukurikije Politiki yacu ya kuki.
Kwemera
Guhamura,kwemera ibintazi no guhahamira ubutunzi budasiguritse ,ingeso zimwe zimwe mu bituma hagwira abantu bafata ku nguvu abana bakiri bato
Hari abantu bakuze dukunze kwumvako ivyaha vyo gufata ku nguvu utwana duto duto.

Ku batari bake biratumwa no kwemera ibintazi bishingiye ko uwufashe ku nguvu akana gatoya azoca aba umutunzi.Abandi nabo babikora kubera bahenzwe ngo biravura amafyigo canke umugongo .
Ku rundi ruhande naho hari abantu babikura mu vyumba vy'amasengesho.
Bishikirizwa na #Gabriel _Icimpaye,arongoye igisata  kijejwe iterambere ry'imiryango n'ikibano mu gisagara ca Bujumbura .Nkuko uwo abikurikirana mu kazi ka misi yose abishikiriza,abana bakorerwa ivyo vyaha si benshi baronka ubufasha- ndemesha mutima bw'abahinga babinonosoye bigaheza navyo bigatera ingorane mu kibano mbere no mu biraba amagara yo mu mutwe nkako ngo hari abahahamuka canke umubabaro ukabagumamwo kugeza no mu myaka yo kugera mu bigero kubera ataho bigeze baronka babivugira .

Uwo arongoye DPDFS ya mairie yabishikirije mu ruganda rw'imisi itatu rwo  guhanahana ivyiyumviro nogutegura ibikorwa bizorangugwa muruyumwaka tugiye gutangura, rwatunganijwe n'ishirahamwe SOS- Villages d'Enfants rifadikanije na UPHB ku bagize umugwi w'intara ujejwe agateka k'abana  mu ntumbero yo kurabira hamwe ingene hokomezwa ivyo gutegura imigambi idasiga inyuma inyungu z'umwana.


Mu bibi abana bakorerwa kandi harimwo imigenzo y'abavyeyi bamwe bamwe bafungura vyiza mu gihe abana bahabwa imfungurwa mbi, hamwe no mugukoresha abana mu gihe abandi bana bariko bariga canke baruhutse.

Fidèle Ntakarutimana,umuhuzabikorwa mu mugambi #Nkingira Nkure Neza ashikiriza ko gukingira umwana ari ugutegura ejo heza ari naho ahamagarira uwariwe wese yobona umwana ari mu ngorane yomutabara canke naho akamutabariza. Ku bwiwe,ahari abakuze uno musi,abana b'uyu musi nibo bazoba bahari mu misi iri imbere.

Ntakarutimana avuga ko uwo mugambi ufise indinganizo yogufasha abafasha mu gisata co gukingira agateka k'umwana  mu gisagara ca Bujumbura canke aboza bakeneye gushigikira ibikorwa vyo muri ico gisata.

© 2023 EJOHEZA NEWS Designed by DSCOMPANY