Mugukomeza gukoresha urubuga rwacu, wemera gukoresha kuki ukurikije Politiki yacu ya kuki.
Kwemera
Indwara yo mu kigo mu Burundi irahari ariko ivuwe irakira. Ivyo vyashikirijwe kuri uyu wa 6 Gitugutu 2023 mu ruganda rwo guhimiriza abamenyeshamakuru ngo batange amakuru ajanye n’indwara yo mu kigo rwatunganirijwe abamenyeshamakuru i Bujumbura n’ikigo kijejwe iterambere ry’abanyagihugu (UNFPA) hamwe n’ikigo kijejwe irondoka rijanye n’amagara meza co mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu. Urwo ruganda rwabaye akaryo keza ko guhanahana ivyiyumviro kubijanye n’iyo ndwara yo mu kigo mu Burundi


Ni muri iyo ntumbero Ikigo « UNPFA » catanguje ihiganwa ku bamenyeshamakuru (concours médias) ku bamenyeshamakuru, bakazokwerekana ivyofatirwako kugira idwara yo mu kigo ituzwe burundu"End Fistula". Abamenyeshamakuru bahamagarirwa gufasha kumenyekanisha ivy'iyo ndwara kugira ituzwe burundu. 
Nk'uko bishikirizwa na Muganga Nijimbere joselyne, indwara yo mu kigo ni indwara ifata abakenyezi canke abakobwa bahejeje kuvyara canne abavyaye bigoranye. Maze iyo ndwara ikagaragazwa n'umwanda mukuru na mutoya bica hamwe mu bwami bw'umukenyezi agaheza akaza arajojota umwanda muto na mukuru. Muganga Nijimbere akabandanya avuga ko ivyo bituma uwufashwe n'iyo ndwara ubwa mbere yikumira ariho bakuye iryo zina ryayo « indwara yo mu kigo » kuko uwo yafashe aca aguma mu nzu. 


Muganga Nijimbere ati : « Iyo ndwara ibandanya kwibonekeza mu gihugu cacu aho ikarira abakiri bato, na cane cane batarashikana imyaka 18, abakenyezi bugarijwe n'ubukene, abakenyezi bagufi (batarenza uburebure 1,50), abakenyezi bamaze kwibaruka kenshi, abakenyezi bacibaruka ubwa mbere m 'abakenyezi batibarukira kwa Muganga »

Muganga Nijimbere yongerako ko : « Uwugwaye iyo ndwara yo mu kigo, abantu baramunena bigatuma bimuviramwo ihahamuka kuko acabona ko ataco akimaze mu muryango ».
Izindi ngaruka mbi zishikira abarwaye iyo ndwara ngo ni ugukumirwa n'imiryango yabo. Abagabo bamwe bamwe bakirukana abagore babo n'ibindi.
Kugira indwara yo mu kigo bikunde iranduranwe n'imizi, abakenyezi canke abigeme basabwa gupimisha imbanyi hakiri kare, imbere y'amezi atatu, gutyo bagakurikiza impanuro bahabwa n'abaganga. Basabwa kandi kwirinda kwibarukira muhira ariko bakihutira kuja kwibarukira kwa muganga bacumva ibimenyetso vya mbere. Abakiri bato nabo basabwa kwirinda gutwara inda batarakwiza imyaka 18. Abakenyezi basabwa kandi kwirinda gusama imbanyi z'urutavanako bakijukira gukoresha uburyo bwo gutandukanya imbanyi bakivyara. Hanyuma imbanyi yose ikaba isoko ry'umunezero hakuba intango y'amagorwa.

© 2023 EJOHEZA NEWS Designed by DSCOMPANY