Mugukomeza gukoresha urubuga rwacu, wemera gukoresha kuki ukurikije Politiki yacu ya kuki.
Kwemera
« Kugira Uburundi bushike kw’ihangiro bwihaye bw’uko bwoba ari igihugu cigaba kikigaburira mu mwaka w’ 2040, no kuba igihugu giteye imbere mu 2060, hari ibikorwa vyobanze gukorwa kugira iryo hangiro rishikweko bitabaye uko naho yoba ari amajambo gusa », ivyo bivurwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM mu kiganiro yahaye Mabamenyeshamakuru kuri uyu wa 16 Myandagaro 2023.

Kubwa Faustin Ndikumana, Uburundi ntibushobora gushika kw’ihangiro bwihaye mu gihe n’imbono zabaye imbere zitigezwe zisuzumwa kugira hamenyekane aho zagejeje igihugu. Aha aragaruka ku mbono ya 2025 (Vision 2025), umugambi w’iterambere w’igihugu 2018-2027(plan national de développement 2018-2027). Ikindi yongerako ngo nuko igihugu kitaragera aho gitegura imigambi ikomeye  mu gihe kitarakemura ibibazo bitobito bigihanze aha ni nk’ubukene bw’amafaranga mvamakungu, ubukene b’isukari, bw’igitoro n’isima n’ibindi.  

Kubwa Faustin Ndikumana, ngo kugira  ihangiro  Uburundi buherutse kwiha rigegweko hari ivyokorwa ivyo navyo ni ibi :

Intunganyo ishobora kuja mungiro : aha avuga ko umaze kwiyumvira imbono canke intumbero ni kuraba ko ishobora kuja mu ngiro.

Kuraba icoza imbere y’ikindi :   kugira imigambi minimini nko gutunganya igisagara gushasha, kubaka amarabara mbere harimwo amabarabara y’indarayi, birakenewe mu gihe Uburundi bugikenye amazi, amatara, igitoro, isukari n’ibindi.

Kugira ibiharuro fatiro mw’itunganywa ry’imigambi «  Statistiques fiables » : Fausti Ndikumana ati si vyiza gukora imigambi idafatiye ku biharuro kuko ntumenya ibikenewe n’ababikenewe.

Kumenya igisata gishira mu ngiro umugambi canke imbono igihugu kiba cihaye : Aha uwurongoye PARCEM avuga ko hakwiye gushirwaho igisata gishira mu ngiro intumbero Leta iba yihaye nk’ubushikiranganji runaka hako usanga umugambi ushirwa mu ngiro n’uwariwe wese kugira bikunze canke vyanse umuntu amenye aho vyankiye.

Gukoresha abahinga bo mu gihugu n’abahinga mvamakungu batibagiwe : Ati hako igihugu co kwama cidadira ngo kirashoboye cokwemera ko hari ivyo kidashoboye giheze gisabe ababishoboye bagifashe kuzamuka mu gushira mungiro imigambi igihugu kiba cihaye hakagabanywa akamwana wa mama na mpinga yanje.

 

Kwegeranya uburyo : PARCEM iti si kwiha ihangiro gusa ni kumenya naho amafaranga yo gushira uwo  mugambi mungiro azova kandi agakoreshwa neza ico yagenewe, ati birababaje kumva amahera yatanzwe nk’imfashanyo asubira inyuma kandi atabikorwa bibuze yari gukora.

Kuraba ko umugambi w’iterambere igihugu cihaye utazohura n’ingorane ziturutse kundyane za politique muri ico gihe ni kubaka mu barundi ukubana neza (cohésion Nationale)

© 2023 EJOHEZA NEWS Designed by DSCOMPANY