Mugukomeza gukoresha urubuga rwacu, wemera gukoresha kuki ukurikije Politiki yacu ya kuki.
Kwemera
Nkuko yama abikora,umukuru w’igihugu c’u Burundi yama aha ikiganiro abamenyeshamakuru n’abenegihugu kugira baganire k’ubuzima bw’igihugu ni nayo mpamvu kw’igenekerezo rya 29 kigarama 2023, umukuru w’igihugu yahaye ikihganiro abandi n’abamenyesha amakuru n’abenegihugu mu ntara ya Cankuzo muri komine Kigamba.

Umukuru w’igihugu yishura ku kibazo c’igitero giheruka kuba mugatumba kigahitana abantu 20 yagize ati :

« Umuryango wicaye hirya no hino y’iziko bari imbere y’inkono bacaniriye muri bo hakavamwo umwana umwe agata imbuye kuri ya Nkono amazi akabashwiragira bose bagasha none uwo mwana aba ariko arondera iki ? umuntu agafata akaja kwica abenegihugu aba ariko arondera iki ? ahubwo iyo baba bafise ivyo babaza bari kuja kubibaza abo bica. Babahora iki? ko abo benegihugu bibereye ku mirimo y’abo batekanye. Umwana w’imyaka itatu bapfa iki? umwana ari munda bapfa iki ? Murazi ko isi yose igwanya iteraboba. Si abanyepolitique ni abicanyi. Abo rero abarundi dutegereza kubavira hasi. Naze avuge ingene ashobora kwica umwana ari munda . Naze avuge ingene yica umana w’imyaka itatu. Imigwi yiterabwoba murazi ko isi yose ifashanya mukuyirwanya. Ni abicany ntaco baba bafise bavuga. None woja kwihaya ngo ndi umicanyi narishe umwana w’imyaka 3. Narishe umwana w’imyaka 2, narishe umwana ari munda!!!! Ni ibimaramare ntibashobora no kuja ahabona.

 

 

Umutwe wabo turazi aho uri. Tumaze hafi imyaka 2 turiko tugirana ibiganiro ngo babarungike baje imbere y’intahe kuko muraziko aribo bakoze ibara mu 2015. Novuga nti gushika ubu twarananiwe kuko iyo tutananirwa baba barabaduhaye. Iyo mirwi ihabwa indaro, ihabwa ivyo kurya, ihabwa ama bureaux bakoreramwo, ihabwa amahera n’igihugu bicayemwo. Ni aho mu Rwanda. Nohanura igihugu c’u Rwanda yuko comenya ko kibandanije kirera umuntu ariko arica inzoya bariko barima urwanko, umugera w’inzankano hagati y’abenegihugu bivyo bihugu 2. Kuko ntivyumvikana ingene uheza kugaburira umuntu akaza kwica umuntu, umwana , umutamakazi n’umutama hanyuma ukazovuga ngo abarundi bazoguma banezerewe cane bariko babona aho abo bantu barerewe. None ubu bosaba iki ? ngo kugira ndeke kwica uruyoya ngo mpiki ! mbwira ico kintu. Iyo baba bashaka ivya politike baja kurondera umukuru w’igihugu baja kurondera umushikiranganji mugabo baja kurondera umuntu atanakimwe bapfa. Basi iyaba bakeneye igihugu ku nguvu bari kuvuga bati tugende dutere igisoda n’igipolisi hama tubaneshe duce dufata igihugu. Muga ntavyo bakora baja kwica. Murazi ko bishe mu Ruhagarika baragandagura abantu, barasubiye baragaruka bagandagura abantu muri Gatumba abo bantu twobavuga gute? Abarundi ni babacire urubanza bo nyene. Birateye isoni kubona umurundi aciyumvira kwica abantu uno munsi.  Ni agaterasoni mugabo tubashire imbere y’Imana harya ntakiyinanira hari igihe bazobona ibibahungurukirako batabizi. Mugabo duhanure abo babaha indaro, abo babagaburira, abo babaha amahera, abo babigisha kwica kuko ntibabigisha igisoda, bokwigenga ubuntu uwo mutwe bakawushikiriza ubutungane bw’u Burundi kugirango abarundi baronke amahoro. Igihe cose bazoba bagifise igihugu kibakingira, kibagaburira, kibaha amahera, kibaha ibigwanisho tuzoguma dufise ibibazo.kazoza ni kabi kuri ivyo bihugu mugihe umubanyi ariwe ashobora gutuma abenegihugu bagandagurika mugihugu »

 

Ikibazo c'indyane ziri m'umugambwe CNL

 

Ku kibazo c’indyane ziri m’umugambwe ‘inyankamugayo Cnl,    Umukuru w’igihugu agira ati: “Iyo uri umugabo m'urugo hanyuma ukareka rukajamwo indyane uzoce witega ko rugayitse ,kanatsinda ijambo ry'Imana rivuga ko ubwami butiyunze burasanzara busanzara .Umukuru w'igihugu ahanura uwurongoye CNL ko yohagarara nk'umugabo agatumako abo arongoye bakicarana bagatorera hamwe umuti  w’bibazo biri muri uyo mugambwe gushika batoye inyishu kuko bigaragara ko bose arabari k'umutwe wa CNL.

Evariste Ndayishimiye aravuga ko ata mugambwe woshobora kuja kurondera démocratie y'igihugu kandi nawo muriwo atayiriyo   “Nk'uko hari amategeko agenga igihugu,n'umugambwe wose urafise amategeko awugenga ni nayo mpamvu iyo umugambwe uhejeje kwandika amategeko awugenga ubushikiranganji buca buyabika gutyo hagize ico ukora baraheza bakaraba ko wakurikije amategeko,rero n'umukuru w'umugambwe CNL ngo nareke urupfu n’impfane ku bantu ahubwo niyerekane  ico yakoze akurikije amategeko bakakimwankira. Umukuru w’igihugu avunira akagohe abarongoye uwo mugambwe CNL ko nibataja hamwe batorere umuti ibibazo vyabo bakazogwana bazohanwa, ariko nibaguma bavuga gusa impera n'imperuka bazorondera ubutungane bubatunganirize canke nyene umugambwe ahitemwo kuwufuta kuko arabifitiye uburenganzira.  

Iki c'abasoda barungitswe guhagararira amahoro  mu gihugu kibanyi ca Congo

Umukuru w'igihugu c'uburundi Evariste NDAYISHIMIYE yaramenyesheje  ko ico gihugu cinjiyemwo akajagari kubera ko imirwi myinshi ariyo ica ija gukorera,n'iyo mpamvu ibihugu vy'akarere ka Afrika y'ubuseruko vyafashe ingingo yo  kuja  muri ico gihugu,umukuru w'igihugu yasiguye neza ko ivyo bidatuma hafutwa amasezerano ibihugu bifitaniye kuko umubanyi atewe baja  kumutabara kuko udatabaye umubanyi nawe utewe utaronka uwugutabara. Umukuru w'igihugu ati: iyo u Burundi bugiye gutabara muri Congo buba busa n'uburiko burikingira  kuko ari igihugu kibanyi ,yarongeye aramenyesha ko abaoda kuja mu ngwano aba ari ukwihebera igihugu, kanatsinda abasirikare bumvise urusasu biruka baja iyo  urusasu ruvugiye kuko ariko karangamutima k'igisirikare, ariko aba civile bo biruka bahunga iyo ruvugiye .Abasoda bategerezwa kurwanira igihugu ninaco cabajanye muri izo nzego niyo mpamvu iyo umusirikare agiye k'urugamba yitwararika gutsinda umwansi atitayeho ko ashobora kuhasiga ubuzima na Kare ngo: “Wanka gusesera amaraso igihugu ca kwibarutse imbwa zikayarigatira Ubuntu”.Umukuru w'igihugu yaciye ahamagarira abarundi nabo kuba abasirikare mu guteramira amahoro n'umutekano na canecane ko hamaze kwibonekeza iyo mirwi y'iterabwoba ,kuko  utoronka amahoro hariho uwuriko atera umubanyi kandi U Burundi busanzwe bufasha no mu bindi bihugu.

Ikibazo kijanye n'abubakana basangiye ibitsina.

U Burundi ngo ntiburota bwemera ko abasangiye ibitsina bubakana. Umukuru w’igihugu avugako uo ari umuvumo ku gihugu canke bitandukanye n’imico y’abarundi. Nayo abari mu m'amahanga babishigikiye nabo bagaca bashaka kubizana mu Burundi ngo barashaka bace bagumayo.Nayo  kukibazo c'uko ibihugu vya rutura bizohava vyima imfashanyo u Burundi kubera bitemera iyo nyifato  yokwubakana n'abasangiye ibitsina , umukuru w'igihugu yagize ati : « Barashaka bayitwime ».

© 2023 EJOHEZA NEWS Designed by DSCOMPANY