Mugukomeza gukoresha urubuga rwacu, wemera gukoresha kuki ukurikije Politiki yacu ya kuki.
Kwemera
«Rwaruka, murakwiye gufata iya mbere mu bijanye no gukingira ibidukikije. Umwe wese muri mwebwe akwiye kwibaza ati “mbega jewe ndiko nterera iki kugira tugire igihugu ciza, ndetse n’isi nziza? » Ivyo ni bimwe mu vyashikirijwe na Albert Mbonerane, azwi cane mu guhimiriza abantu n’inzego zitandukanye kwitaho gukingira ibidukikije. Hari mu kiyago yariko agirana n’urwaruka mu ntumbero yo kuyaga ku kamaro ko gukingira ibidukikije mu gisagara ca Bujumbura, kuri uwu wa 19 nyakanga

Ku bwiwe, kubungabunga ibidukikije ni ibanga rya buri wese. Yabajije urwo rwaruka ati: « Harya umukuru w’igihugu iyo ariko avuga ivy'uko igihugu coba kimeze mu 2040 canke 2060, mwibaza ko aba ariko ahiga ibizomunezera wenyene? Habe namba! Aba ariko ahigira iteka buri murundi wese, kandi nta muntu atumva bimuteye iteka, iyo ava mu gihugu cifashe »!

Ku bwa Mbonerane, inzego za Reta zirakwiye kwitaho ko ibidukikije bikingirwa. Yamenyesheje ko kuva muri myandagaro 2018, mu Burundi ata bushikiranganji bujejwe ibidukikije gusa buhari. Ivyo rero ngo vyatumye Ubushikiranganji buhari ubu bushira inguvu ahanini ku kuronsa imfungurwa abanyagihugu gusa, batitayeho ibijanye no gukingira ibidukikije. Ngo bica bituma bino bihabonera. Mbonerane asigura ko ikindi Reta yoshiraho kigafasha coba igipolisi kijejwe gucungera ihungabanywa ry’ibidukikije, ababirenzeko bagahanwa.

Delphin Kaze, umwe mu rwaruka rufise uruganda rukora amakara ya kijambere nawe yari muri ico kiyago. Yashikirije ko wanashaka imigambi ishimikiye ku gukingira ibidukikije ishobora no gutanga akazi ku rwaruka. Gutyo, urwaruka rurashobora gukingira ibidukikije, rukongera rukironsa akazi, na rirya ak’ubu ngo katoroshe kuronka.

Ku bwiwe, aho isi igeze uno musi, n’uwujanye umugambi wo gukingira ibidukikije ku rwego mpuzamakungu wakirwa ningoga kuruta iyindi. Ku bwiwe, urwaruka ruhagurutse, nta nkeka ko igihugu n’isi vyokingirwa.

© 2023 EJOHEZA NEWS Designed by DSCOMPANY