Mugukomeza gukoresha urubuga rwacu, wemera gukoresha kuki ukurikije Politiki yacu ya kuki.
Kwemera

Mu ntumbero yo kubangabunga ubuzima bw’abantu n’ibintu, umuyobozi mukuru w’ikigo kigenzura ubuziranenge bw’ibidandazwa yahagaritse ikoreshwa ry’ibiduga binibini bita ama camion bitwara amakara, inzoga za brarudi n’isima. Yamenyesheje ko izo modoka zizosubira gukora aruko zisizweko amakaroseri yazigenewe. Yavuzeko ata modoka izosubira gutwara amakara itagira carosserie. Nico kimwe n’imodoaka zitwara ibinyobwa bwa Brarudi. Severin Sindayikengera arongoye BBN avuga ko carosserie iri ku biduga vya Brarudi y’ubuyungiro yovanwaho hagakoreshwa iz’amabati hamwe utabona n’ibiri indani.
Iyi ndi miduga yahagaritswe ni iyitwara isima muri asiatique bita Ngelingeli kera. Izo modoka ngo zirashaje kuko hari izirenza imyaka 60.
Ubundi bwoko bw’imiduga bwasabwe kw’itunganya ni ibiduga bitwara iyalala ngo kuko bigize kuba bishaje, bisa nabi kand ngo bigenda birasanzanza imicafu aho biciyte. Nico kimwe n’ibiduga bitwara imyanda yo mutuzu tw’ubwiherero (Vidangeur).
bamwe bamwe mubashoferi bavuga mbere izo modoka zahinduwe uko zavuye m’urugnda zimeze. Nyinshi ngo zarongererejwe uburebure haba uje hejuru canke imbere n’inyuma, mbere ngo zarongerejwe n’ubwaguke kugira bikunde zitware imizigo myinshi. Ibi rero ngo bigatuma zuzura ibarabara zigateza amasanganya atandukanya kubantu no kubintu.
 Bamwe bati : « imyiryāngo y'abashoferi isigaye mukangaratete. Impfuvyi n’abapfazi barabaye umurengera kubera ivyo biduga.  Abagabo vyarabamaze »
Séverin Sindayikengera arongoye BBN ati : « Imodoka izofatwa yarengeje ivyo ipakira izocibwa ihadabu bataravye ibipakiwe. Izocibwa ihadabu harabwe agaciro k’imodoka atari ako umuzigo ipakiye »
Nkuko yabimenyesheje, yavuze ko iyo ngingo ija mungira kuva akiyimenyeshe ngo kuko yasanze gutanga ikirindi kandi ibindi biriko birapfa ataco vyungura.
Ivyo akaba abishikirije kuri uyu wa 04 ndamukiza 2024 mu nama yo guhanahana ivyiyumviro yagiranye  n’abashoferi hamwe na bene imiduga itandukanye itwara abantu n’ibintu
© 2023 EJOHEZA NEWS Designed by DSCOMPANY