Mugukomeza gukoresha urubuga rwacu, wemera gukoresha kuki ukurikije Politiki yacu ya kuki.
Kwemera


Umugambi Plantwise Burundi ushigwamungiro n’ikigo ISABU bafashanije n´igisata gitunganya inyigisho mu mashure yisumbuye  y’imyuga harimwo ivy’uburimyi  barumvikanye ko ivyo vyigwa vyoshirwa mu ntonde z´ivyigwa kugira bongereze akanovera kinyigisho mubijanye no kugwanya ingwara n’udukoko bifata ibitegwa.

Ivyo bizofasha cane abanyeshure gutahura neza, maze bazoheze amashuri bafise ubumenyi bukwiye bwo gufasha abarimyi kurwanya izo ngwara be n’udukoko dukarira ibiterwa hama bahombe bike umwimbu wiyongere.

Gushika ubu, bakaba bari kukivi mugushira ivyo vyigwa mu ntonde z´ivyigwa vy´amashure yisumbuye yigisha ivy´uburimyi (ITAB), na za kaminuza za Reta n´izigenga hamwe n´ibigo vyigisha imyuga mubijanye n’uburimyi.

Abo bahinga bakaba bemeza ko kumenya uburyo bwiza bwo gusuzuma indwara z´ibiterwa bituma hashobora gutangwa impanuro zibereye mu kurwanya indwara n´udukoko dutera ibiterwa. Ivyo rero bizotuma ubutunzi bwiyongera kubarimyi n´ababeshejweho n´ibiva mu burimyi.

© 2023 EJOHEZA NEWS Designed by DSCOMPANY